Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:21
16 Referans Kwoze  

Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Kuko nzi ibicumuro vyanje, Icaha canje cama imbere yanje na ntaryo.


Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.


Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo


Uz’ uzane ya masa imbere y’ ihema ry’ibonaniro: Aroni n’abana biwe bayirambike ibiganza mu ruhanga.


Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze,


Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.


Ni yaheza gutangira Ahēra impongano, bo n’ihema ry’ibonaniro, n’igicaniro, aheze yīgize hafi ya mpene ikidora.


Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite