Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nukw asohotse, aheze aje ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agitangirire impongano, yābīre ku maraso ya ya masa no ku ya ya mpene, ayasīge ku mahembe y’ico gicaniro impande zose.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:18
14 Referans Kwoze  

Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Uko ni kw azoba atangiriye Ahēra impongano, kubg’ ubuhumane bg’Abisirayeli, no kubg’ ibicumuro vyabo, n’ivyaha vyabo vyose; kand’ abe ari kw agirira n’ihema ry’ibonaniro, riri hagati yabo, mu buhumane bgabo.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro kir’ imbere yanje mw ihema ry’ibonaniro; ayandi maraso yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


Kuk’ uweza n’abezwa bose bākomotse kur’ Imwe: ni co gituma atagira isoni zo kubīta bene Se,


kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahēra kuhatangira impongano, gushitsa ah’ azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubgiwe bo n’ urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli.


Muze mutange n’impfizi y’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubabera impongano.


Uze wābīre ku maraso yaco, uyashire ku mahembe ukw ar’ ane y’igicaniro, no ku nkokora z’intera yaco ukw ari zine, no ku mubuga uyikikuje impande zose: uko ni k’uzogihumanura, ukagitangira impongano.


Maze ku musi ugira kabiri uz’ utange isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi gitangirwa ivyaha; bayihumanuze igicaniro nk’uko bāgihumanurishije ya masa.


Umuherezi aze yābīre ku maraso y’ikimazi gitangirwa ivyaha, ayasīge ku bisapfu vy’ ingoro, no ku mfuruka zine z’ intera y’igicaniro, no ku bikingi vy’ikirimba c’inyubakwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite