Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahēra kuhatangira impongano, gushitsa ah’ azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubgiwe bo n’ urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:17
14 Referans Kwoze  

kand’ ishengero ryose ry’ubgo bgoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co kwosa.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Ntihaze hagire umuntu mudūgana, canke ngo hagire umuntu n’umwe azoboneka kur’ uwo musozi wose, kandi ntihaze hagire imikuku cank’ amasho birisha hafi yawo.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu,


Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Uko ni kw azoba atangiriye Ahēra impongano, kubg’ ubuhumane bg’Abisirayeli, no kubg’ ibicumuro vyabo, n’ivyaha vyabo vyose; kand’ abe ari kw agirira n’ihema ry’ibonaniro, riri hagati yabo, mu buhumane bgabo.


Nukw asohotse, aheze aje ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agitangirire impongano, yābīre ku maraso ya ya masa no ku ya ya mpene, ayasīge ku mahembe y’ico gicaniro impande zose.


Samweli wa Elukana, Elukana wa Yerohamu, Yerohamu wa Eliyeli, Eliyeli wa Towa;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite