Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:15
15 Referans Kwoze  

ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.


Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.


Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze, hār’ ihema ryitwa Ahēra Cane:


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.


Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,


Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.


Uwo muherezi yarobanujwe amavuta, aheze yābīre ku maraso y’iyo masa, ayazane mw ihema ry’ibonaniro:


Mose agenza kuno: uk’ Uhoraho yamugeze, aba ari kw akora.


Kandi muze mutange n’impfizi y’impene, muyimpaye jewe Uhoraho, kw ikimazi gitangiwe ivyaha, mucongere ku kimazi co kwoswa c’ intasība, no kw ishikanwa ry’ibiturire rigendanye na co.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite