Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:14
14 Referans Kwoze  

Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe;


Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,


Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’ impene akūrah’ ivyaha.


ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.


Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Nuko bene Data, ko turi n’ubushizi bg’ubgoba bgo gushikanwa ahēra cane n’amaraso ya Yesu,


Kand’ ihema n’imbombovu zose z’ivy’ ubuherezi, na vyo n’uko abicucagira amaraso.


Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.


Maze Eleyazari umuherezi akoze urutoke mu maraso yayo, ahagarare ahatumberanye n’umuryango w’ihema ry’ibonaniro, ayacucagire ibihetangabo ndwi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite