11 Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe, akerere iyo masa y’ikimazi c’ivyaha yitangiriye.
Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.
ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.
atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.
Aroni uku abe ari kw azogenza, mu kwinjira Ahēra: aze yābīre imasa y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa.
az’ atange impongano y’Ahēra cane, n’iy’ ihema ry’ibonaniro, n’iy’ igicaniro, atange n’iy’ abaherezi, n’iy’ ikoraniro ry’abantu bose.
Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.