Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arikw imwe yerekanywe kw ar’ iyo gusendwa, ihagarikwe imbere yanje ikidora, kugira ngo yaturirwekw ivyaha, irungikwe kuba iyo gusenderwa mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:10
12 Referans Kwoze  

kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.


uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo;


Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.


Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.


Maze yīgize hafi iyo mpene yerekanywe n’ubupfindo kw ar’ iyanje, ayigerere kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite