Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 15:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 15:5
31 Referans Kwoze  

kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.


Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Kandi nzobakiza ibibanduza vyose, mbahurumbirize ingano ndazikikimvye, kandi sinzobatēza inzara.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Nzokaraba mu kudacumura, Ni ho nzobona gukikuza igicaniro cawe, Uhoraho;


Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ūyoye umunyota wayo amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. Ivyo bize bibere Abisirayeli n’ umunyamahanga aba muri bo, ibgirizwa ry’intahava.


kand’ uwabituriye amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


ayacucagirishe urutoke rwiwe rwo ku kuryo imbere yanje ibihetangabo ndwi;


Ku musi ugira indwi uwo muherezi asuzume ico giturika: maze ni yasanga kitunguruje inyuma ku rukoba, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, uwo muherezi avuge kw adahumanye: uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe.


Ku musi ugira indwi, yongere amusuzume; nuko ni yabona iyo ndwara irikw irazimangana, itunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw adahumanye: kizoba car’ igisekera; uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe.


Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Uburiri bgose umunyagisokoro aryamyeko buzoba buhumanye, n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye.


Ūzokwicara ku kintu na kimwe umunyagisokoro yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.


Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;


Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite