4 Uburiri bgose umunyagisokoro aryamyeko buzoba buhumanye, n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye.
Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.
kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,
Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.
Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye.
Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.