27 Ūkoze kuri vyo wese azoba ahumanye; az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.
twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.
mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?
Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.
Kandi nzobakiza ibibanduza vyose, mbahurumbirize ingano ndazikikimvye, kandi sinzobatēza inzara.
Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.
Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ umunyagisokoro ni yagera guhumanurwa igisokoro ciwe, az’ aharūre imisi ndwi yo guhumanurwa, amesure impuzu ziwe; yiyuhagire mu mazi yavomwe mu mbizi, abone guhumanuka.
Uburiri bgose azoryamako mu misi yose yo guhumana kwiwe, buze bumubere nk’ubgo yaryamyeko mu misi y’imiziro yiwe; n’ikintu cose azokwicarako kizoba gihumanye nk’icari gisanzwe gihumanywa n’ iy’ ari mu miziro.
Ariko ni yaramuka ageze guhumanurwa ubgo buhumane bgamuvuyemwo, az’ aharūre imisi ndwi, hanyuma abone guhumanuka.
Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;
Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.