21 Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.
kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.
Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.
Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Ikintu cose azoryamako akiri mu miziro yiwe kizoba gihumanye, n’ico azokwicarako cose kizoba gihumanye.
Ūzokora ku kintu na kimwe yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;
Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.