Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 15:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Mubarire Abisirayeli, mut’ Umugabo wese ni yagira igisokoro mu mubiri wiwe, azoba ahumanye kubg’ ico gisokoro ciwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 15:2
15 Referans Kwoze  

arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.


ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese,


Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;


Bun’ umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe;


Arabibarusha vyose. Ica mbere, n’ukw Abayuda bābikijwe ivyavuzwe n’Imana.


Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,


Kand’ umugore arwaye ubutinyanka yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri,


Kuko yashimangiye igishingantahe mu ba Yakobo, Yashizeh’ icagezwe mu Bisirayeli, Ico yageze ba sogokuruza, Ngo baze babibarire abana babo:


Uhoraho abarira Mose na Aroni,


Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye.


Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite