19 Kand’ izinamukobga ni yaja mu mihango yiwe, az’ amare imisi ndwi mu miziro yiwe: ūzomukorako wese azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.
ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugore ni yasama inda, akavyara umwana w’umuhungu, az’ amare imisi ndwi ahumanye: nk’uko bimubera iy’ari mu muhango w’imiziro yiwe, ni kw azoba ahumanye.
Kand’ umugore arwaye ubutinyanka yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri,
Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.
riti Mwana w’umuntu, ab’ inzu ya Isirayeli igihe bāba mu gihugu cabo, bācononesha ingeso zabo n’ibikorwa vyabo: ingeso zabo imbere yanje zambereye nk’umugore ari mu miziro.
Siyoni hata amaboko, ntihabona uwohahūmuriza; Uhoraho yashinze ivya Yakobo, kw abamukikije bose bamubera abarwanizi: Yerusalemu habamereye nk’ ikintu giteye iseseme hagati muri bo.
Umuntu ni yaryamana n’umugore akiri mu muhango wiwe, akamwambika ubusa, azoba yambitse ubusa isōko yiwe, na wa mugore azoba atwikuruye iyo sōko y’amaraso yiwe: bompi baze barandurwe mu bgoko bgabo.
Nyina az’ amare imisi mirongwitatu n’itatu abone guhumanurwa, avuye mu maraso yiwe; ntaz’ akore ku kintu cera na kimwe, canke ngw ashike ahantu hēra, gushitsa ah’ imisi y’uguhumanurwa kwiwe izoshirira.
Ikintu cose azoryamako akiri mu miziro yiwe kizoba gihumanye, n’ico azokwicarako cose kizoba gihumanye.
cank’ ūzokora ku kanyonyera ak’ ari ko kose, ar’ akomuhumanya, canke ku muntu, ar’ uwomuhumanisha ubuhumane ubg’ ari bgo bgose;