17 Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ intanga z’umugabo ni zamuvamwo, aze yiyuhagire umubiri wose, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.
Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;
ibintu vyose birinda umuriro, muze mubicishe mu muriro, bibone guhumanuka; ariko kandi mubihumanuze na ya mazi yo guhumanura; na vy’ ibintu bitarinda umuriro muze mubinyuze mur’ ayo mazi.
maze bugira bugorobe, yiyuhagire; izuba rirenze, abone kugaruka aho mushagaje.
abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.