12 Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.
Kandi ni catekwa mu nkono y’ imbumbano, baze bayimene; na ho ni catekwa mu nkono y’umuringa, baze bayikūbe, bayunyuguze n’amazi.
azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
Mwana wanje, ivyo ntibikave imbere y’amaso yawe: Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga;
Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.
Asemererera ku nama aho bakoranira; Mw ishikiro ku marembo, No mu gisagara, ni hoavugira amajambo yiwe:
Uzobavunaguza inkoni y’icuma, Uzobamenagura nk’ikibumbano.
Kand’ umunyagisokoro ni yakora ku muntu adakaravye, uwo az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Baze bayivangire n’amavuta ya elayo ku cuma gikaranga; ni yamara guhwana, bayizane; baze batange iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ar’ utumanyagu dukaranze, ngo ribe umubabge ummotera neza.