1 Uhoraho abarira Mose na Aroni,
Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,
Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.
Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.
Uhoraho abarira Mose na Aroni,
kugira ngo vyigishe umuntu kw ikintu gihumanye, canke ko kidahumanye: ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku mibembe.
ati Mubarire Abisirayeli, mut’ Umugabo wese ni yagira igisokoro mu mubiri wiwe, azoba ahumanye kubg’ ico gisokoro ciwe.
Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.