Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:7
29 Referans Kwoze  

Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


uko ni kw azojoreza amahanga menshi; abami bazozibira akanwa kabo imbere yiwe: kuko bazobona ico batābgiwe, n’ico batumvise bazocitegereza.


Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,


Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,


Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


Kand’ ihema n’imbombovu zose z’ivy’ ubuherezi, na vyo n’uko abicucagira amaraso.


arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi.


Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.


Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.


Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.


yābīre iyo ngegene y’isederi, n’iyo ezobu, n’utwo tunyuzi dusa n’agahama, n’iyo nyoni ikidora, abijōbeke mu maraso y’iyo nyoni yakerewe no mur’ ayo mazi yavomwe mu mbizi, acucagire kur’ iyo nzu ibihetangabo ndwi.


na we amusuzume; maze ni yasanga aho hārwaye hahindutse, hakēra, uwo muherezi avuge ko yahumanutse: azoba atagihumanye.


uwo muherezi amusuzume: maze ni yabona iyo mibembe imukwiye umubiri wose, az’ avuge yuk’ uyo yafashwe n’iyo ndwara adahumanye: umubiri wiwe ko wahindutse ukēra hose, ntahumanye.


Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu gikingiriye Ahēra cane.


aze yihumanuze ayo mazi ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, abone guhumanuka; ariko n’atihumanura kur’ uwo musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazoba ahumanutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite