Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:54 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

54 Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ uburyo bgose bg’indwara y’imibembe: ar’ igiturika,

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:54
16 Referans Kwoze  

Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ umunyagisokoro, n’ivy’ ūvubgamwo n’intanga ziwe, bikamuhumanya;


Ico ni co cagezwe c’uwafashwe n’ indwara y’imibembe, ntashobore kuronka ivyo kumuhumanura.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Iki ni co cagezwe co ku muntu aguye i we mw ihema: umuntu wese azokwinjira mur’ iryo hema, n’ūzoba yari muri ryo wese, bazoba bahumanye kumara imisi ndwi.


Iki ni co cagezwe co ku Munaziri, igihe arangije imisi y’ubunaziri bgiwe: az’ azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro,


Ico ni co cagezwe c’ifūhe, ku mugore akiganzwa n’umugabo wiwe, akareka kuba ari we arāba, akīhumānya,


at’ Iki abe ari co kiba icagezwe co ku munyamibembe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe: az’ ashīrwe umuherezi.


Ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku bikōko no ku bitunzwe, no ku bisīga, no ku bifise ubugingo vyose bigendera mu mazi, no ku turiho twose tunyonyera hasi;


Ico ni co cagezwe co ku kimazi co kwoswa, n’ico kw ishikanwa ry’ amafu, n’ico ku kimazi gitangirwa ivyaha, n’ico ku kimazi c’impongano, n’ico ku vyo kwinjiza abaherezi mw ibango, n’ico ku bimazi vy’ishimwe,


Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane.


Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Aheze agende arekurire iyo nyoni idora mu gahinga, inyuma y’igisagara; uko ni kw azoba ahongeye iyo nzu: nukw izoba yejejwe.


Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite