5 umuherezi avuge ko bakererera imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi.
Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,
Aheze akererere imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi:
Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.
uwo muherezi aheze yābīre amazi yejejwe mu kintu c’ikibumbano, yābīre no ku mukungugu wo hasi mw ihema, awushire mur’ ayo mazi.
avuge ko bazanira uyo agira ahumanurwe inyoni zibiri zibona, zitar’ izo mu zizira, n’ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’ utubabi twa ezobu;
Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi.