48 Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize.
Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.
Mur’ ako kanya akiza benshi indwara n’ivyago n’impwemu mbi; n’impumyi nyinshi arazihumūra.
Yesu aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.
Uwo mwanya isōko y’amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yukw akize ico cago.
Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.
Kukw ari yo ikomeretsa, kand’ ikaba ari yo isomōra; Irakubita, kand’ amaboko yayo akaba ari yo atīmbūra.
Na we aheze agende inyuma y’aho mushagaje, asuzume uwo munyamibembe; maze ni yasanga iyo ndwara y’imibembe ikize,
Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma;
Kand’ uwoyirāramwo az’ amesure impuzu ziwe; n’uwoyirīramwo na we amesure impuzu ziwe.
Yābīre ivyo guhumanura iyo nzu, inyoni zibiri, n’ ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’utubabi twa ezobu.