44 uwo muherezi aze yinjire, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku nzu, izoba ar’ imibembe igenda irarya: iyo nzu izoba ihumanye.
Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.
Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma;