43 Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma;
Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;
Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.
Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.
Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.
Baheze bazane ayandi mabuye, bayasanishe aho basambuye ya yandi, bazane n’iyindi ngwa, bahome iyo nzu.
uwo muherezi aze yinjire, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku nzu, izoba ar’ imibembe igenda irarya: iyo nzu izoba ihumanye.
Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize.