Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 avuge ko bazanira uyo agira ahumanurwe inyoni zibiri zibona, zitar’ izo mu zizira, n’ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’ utubabi twa ezobu;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:4
11 Referans Kwoze  

Maz’ umuherezi yābīre ingegene y’igiti c’isederi, n’utubabi twa ezobu, n’utunyuzi dusa n’agahama, abiterere hagati mu muriro ah’ iyo nka ituririwe.


Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,


Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Mwiyabīrire agakama ka ezobu, mukajōbeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.


Umuntu adahumanye aheze yābīre utubabi twa ezobu, atujobeke mur’ ayo mazi, ayacucagire kuri rya hema, no ku mbombovu zose, no ku bantu bāri muri ryo, no ku wakoze kw igufa canke ku wishwe canke ku kiziga kindi canke ku mva.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa azompa ni caba ar’ inyoni, az’ atange intunguru cank’ ivyana vy’ inuma.


umuherezi avuge ko bakererera imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite