26 Uwo muherezi aheze asuke kur’ ayo mavuta, ayasuke ku rushi rwiwe rw’i bumoso;
Akerere uwo mwana w’intama w’ ikimazi c’impongano, aheze yābīre ku maraso y’ico kimazi, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.
ayacucagirishe urutoke rwiwe rwo ku kuryo imbere yanje ibihetangabo ndwi;