Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 bo n’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, ivy’ azoshobora kuronka; kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:22
11 Referans Kwoze  

Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Yemwe ababa i Mowabu, ni muve mu bisagara, muje kuba mu masenga; mube nk’ inuma yārika icāri cayo mu mbavu z’umuryango w’isenga.


Twese twivuga nk’igikōko citwa idubu, tukaniha nk’inuma iguguza; twitega ibiroranye, ariko nta vyo; twitega agakiza, ariko kakaba kure yacu.


Ndanihīra nk’intamba ijwigira, canke nk’inyanana yānāga, Nkaniha nk’inuma iguguza; amaso yanje yaheze hejuru; Uhoraho, ndegeranijwe: nyishinga.


Ewe inanuma wanje, uba mu gihoro co mu gitandara no mw isenga ryo ku gatembge, Reka ndābe mu maso hawe, numve n’ijwi ryawe; Kukw ijwi ryawe ari ryiza, n’uburanga bgawe bukaba buhebuje.


Mukiryama mu mpongore z’ intama, amababa y’inuma akayanganakw ifeza, N’amoya yayo akayanganakw izahabu y’umuhondo.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo;


Umuherezi yābīre uwo mwana w’intama w’ikimazi c’impongano, na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Maze ku w’umunani az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite