Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 atange ikimazi gitangirwa ivyaha, ahongere uwo arikw arahumanurwa ubuhumane bgiwe; hanyuma akerere ikimazi co kwoswa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:19
8 Referans Kwoze  

Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ni babarahiza mw ikoraniro, umuntu akavyumva, agaheza agakora icaha co guhora ico yabonye n’ico azi, azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.


Uwo muherezi yābīre ku maraso y’ico kimazi c’impongano, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite