Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:18
13 Referans Kwoze  

Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.


Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Maze wābīre amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


amavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo, aharoye ya maraso y’ikimazi c’impongano.


Uwo muntu caguyeko, umuherezi az’ amutangire impongano imbere yanje, amuhongere, na we azoharirwa.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite