Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Uwo muherezi yābīre ku maraso y’ico kimazi c’impongano, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:14
16 Referans Kwoze  

Uheze uyikerere, wābīre ku maraso yayo, uyakoze ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku matwi y’i buryo y’abana biwe ahahera hejuru nyene, no ku bikumu vyabo vy’i buryo, no ku mano yabo manini y’i buryo, ayandi uyamijagire ku gicaniro impande zose.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Mbivuze nk’imvugo y’abantu, kubg’ intege nke z’imibiri yanyu. Nk’uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n’umugararizo, kuba abagurano bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abagurano bakwo, kugira ngo mwezwe.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


atange ikimazi gitangirwa ivyaha, ahongere uwo arikw arahumanurwa ubuhumane bgiwe; hanyuma akerere ikimazi co kwoswa.


Akerere uwo mwana w’intama w’ ikimazi c’impongano, aheze yābīre ku maraso y’ico kimazi, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite