Abalewi 14:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)13 akererere iyo suguru y’intama aho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha bo n’ikimazi co kwoswa, ahantu hēra: nk’ukw ikimazi co gutangirwa ivyaha ar’ umuturi w’umuherezi, ni ko n’ ikimazi c’impongano kiri: n’icera cane. Gade chapit la |
Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.