Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 14:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 14:10
26 Referans Kwoze  

Ni hagira umuntu azonshikanira ishikanwa ry’ifu, az’ ashikane īgogōretse; ayisukekw amavuta ya elayo, ayishireko n’ imibavu.


Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.


Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo;


Uwo muherezi aheze yābīre ku mavuta ari muri logi, ayasuke ku rushi rwiwe rw’i bumoso,


Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanzwe n’amavuta ya elayo: iryo kw imasa ribe ibigiracumi bitatu vy’iyo ngero ya efa, iryo ku mpfizi y’intama ribe ibigiracumi bibiri vya efa nyene,


anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe,


Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.


Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;


Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga.


Kand’ ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu muzoshikana muze mubirunge umunyu; ntimuze mugire ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu mushikana ritarimw’ umunyu, kand’ ari wo kimenyetso c’isezerano ryanje, Imana yanyu: ivyo muzotanga vyose muze mubitangane n’umunyu.


Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Umwagazi wa mbere uz’ uwutangane n’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta avuye muri elayo zisekuwe y’ikigira kane c’ ingero yitwa hini, utange n’ikigira kane ca hini nyene ya vino, ribe ishikanwa ry’ibiturire.


Umuherezi amuhumanura ashire uwo muntu nyene guhumanurwa hamwe n’ivyo bintu, imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite