Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:59 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

59 Ico ni co cagezwe c’indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro, ar’ uwajishwe mu bgoya bg’intama canke mu nyuzi zera derere, igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, ngo babone kuvuga ko gihumanye canke ko kidahumanye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:59
12 Referans Kwoze  

Kandi ni hagira umwambaro urikw indwara yo mu buryo bg’ imibembe, n’iyo woba wajishwe mu bgoya bg’intama, canke mu nyuzi zera derere;


iyo ndwara igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi zera derere canke mu z’ubgoya bg’ intama; cank’ igafata ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;


Na ho iyo ndwara ni yaba yavuye mur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke mu kintu ic’ ari co cose cakozwe mu rusāto, cari caramesuwe, kize gisubire kumesurwa ubugira kabiri, kibe gihumanutse.


Uhoraho abarira Mose,


at’ Iki abe ari co kiba icagezwe co ku munyamibembe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe: az’ ashīrwe umuherezi.


Ico ni co cagezwe c’uwafashwe n’ indwara y’imibembe, ntashobore kuronka ivyo kumuhumanura.


kugira ngo vyigishe umuntu kw ikintu gihumanye, canke ko kidahumanye: ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku mibembe.


Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.


Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ umunyagisokoro, n’ivy’ ūvubgamwo n’intanga ziwe, bikamuhumanya;


Ico ni co cagezwe c’ifūhe, ku mugore akiganzwa n’umugabo wiwe, akareka kuba ari we arāba, akīhumānya,


Ayo ni yo mabgirizwa Uhoraho yabariye Mose, yo ku vy’ umugabo n’umugore wiwe, no ku vy’ umukobga na se, umukobga akiri mu bgigeme bgiwe mu rugo kwa se.


Ivyo ni vyo vyagezwe n’amabgirizwa Mose yashikirije Abisirayeli atumwe n’Uhoraho, bari mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite