Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:57 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

57 Maz’ iyo ndwara ni yasubira kwubuka kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, izoba igitwarije; ico kintu kirimw’ iyo ndwara kize giturirwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:57
10 Referans Kwoze  

Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


iyo ndwara igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi zera derere canke mu z’ubgoya bg’ intama; cank’ igafata ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;


Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi ni yagisuzuma, agasanga iyo ndwara irikw irazimangana, kimaze kumesurwa, aho hantu aheze ahatabure, ahakūre kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke kur’ urwo rusāto.


Na ho iyo ndwara ni yaba yavuye mur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke mu kintu ic’ ari co cose cakozwe mu rusāto, cari caramesuwe, kize gisubire kumesurwa ubugira kabiri, kibe gihumanutse.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite