Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 iyo ndwara igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi zera derere canke mu z’ubgoya bg’ intama; cank’ igafata ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:48
8 Referans Kwoze  

Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.


Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amatēka yiwe ashinzwe, n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi.


Ku musi ugira indwi asubire asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke kur’ urwo rusāto, ico rwoba rukora cose; iyo ndwara izoba ar’ imibembe igenda irarya: ico kintu kizoba gihumanye.


Kandi ni hagira umwambaro urikw indwara yo mu buryo bg’ imibembe, n’iyo woba wajishwe mu bgoya bg’intama, canke mu nyuzi zera derere;


iyo ndwara ikagomba gusa n’akatsi gatoto canke n’agahama, aho nyene ku mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto; iyo ndwara izoba ar’ iyo mu buryo bg’ imibembe: ivyo vyerekwe umuherezi.


Aheze aturire uwo mwambaro, iyo ndwara namba yoba ifashe kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi z’ubgoya bg’intama canke mu zera derere, canke namba yoba ifashe ku kintu cose cakozwe mu rusāto, kukw ar’ imibembe igenda irarya; ico kintu kize giturirwe.


Arik’ uwo muherezi ni yasuzuma, akabona iyo ndwara itunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite