Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
Nuk’ umwami Uziya arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene kubg’ imibembe yiwe, kukw atemerewe kuza mu ngoro y’Uhoraho; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo i bgami, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.
Barabahāniranwa, bati Ni mwīgireyo, mwa bihumane mwe! Ni mwīgireyo, ni mwīgireyo, ntimugire ico mukorako! Igihe bāhunga bayerera, abantu bo mu mahanga baravuga, bati Ntibabe bakiba hano.