Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Kand’ umunyamibembe iy’ arwaye iyo ndwara, agende yambaye impuzu zitantamutse, ahamburuye umushatsi wiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera, ati Ndahumanye, ndahumanye!

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:45
24 Referans Kwoze  

Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.


Kuniha kwawe kuraba amapfiranda; ntuz’ ugandarire ūpfuye, wizingire igitambara cawe mu mutwe, wambare inkweto zawe, ntiwipfuke ku munwa, kandi nturye ibiryazagu.


Barabahāniranwa, bati Ni mwīgireyo, mwa bihumane mwe! Ni mwīgireyo, ni mwīgireyo, ntimugire ico mukorako! Igihe bāhunga bayerera, abantu bo mu mahanga baravuga, bati Ntibabe bakiba hano.


Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure,


Namwe muzogira nk’ uko mmeze: ntimuzoruha mwipfuka ku munwa, canke ngo murye ibiryazagu.


Umuherezi abaye mukuru muri bagenzi biwe, yasutswe amavuta mu mutwe yo kumurobanura, akaba yashikirijwe ibango ngo yambare ya myambaro, ntaz’ ahamburure umushatsi wiwe, canke ngo yitantamurirekw impuzu ziwe agandaye;


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kuko nzi ibicumuro vyanje, Icaha canje cama imbere yanje na ntaryo.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Kandi nta bgoba bāgira, ngo bitantamurireko n’impuzu zabo, ar’ umwami canke n’umwe wo mu basavyi biwe bumvise ayo majambo yose.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga,


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


uwo muntu azoba ar’ umunyamibembe, azoba ahumanye; umuherezi ntaz’ abure kuvuga kw ahumanye; iyo ndwara izoba yamufatiye mu mutwe.


Kandi hār’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?


ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite