Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Ariko ni haturika ibintu vy’indwara bitukura mu buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro; izoba ar’ imibembe yaje mur’ ubgo buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:42
5 Referans Kwoze  

at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.


maze muri nya nkovu hagashundaha hakabenjuka, canke hakaza ikibibi, hagatukura; haze herekwe umuherezi,


Kandi ni yavunguka umushatsi wo mu gitwariro, azoba ar’ ubuhanza yatobotse mu gitwariro, ariko ntazoba ahumanye.


Nuk’ umuherezi az’ amusuzume: maze ni yasanga ico gishundu arwaye gitukura aho nyene mu buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro, igasa n’imibembe ir’ inyuma ku rukoba;


nukw asuzume iyo ndwara: maze ni yabona iyo ndwara yateye amarabaga ku bisika agomba gusa n’akatsi gatoto canke n’agahama, ikaboneka nk’ah’ umengo yinjiye imbere mu gisika;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite