37 Na ho ku ruhande rwiwe ni yasanga ico giturika kitayegayeze, n’umushatsi wahameze wirabura; ico giturika kizoba gikize, uwo muntu azoba yeze: umuherezi avuge ko yeze.
umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; ni yabona isa n’iyinjiye musi y’ urukoba, umushatsi waho ugacēkūka, ukaba intaragande; avuge kw ahumanye: kizoba ar’ igiturika c’imibembe ifatiye mu mutwe canke mu bganwa.
umuherezi aheze amusuzume; maze ni yasanga ico giturika cunguruje inyuma ku rukoba, ntiyirirwe aserangura umushatsi k’ucēkūtse: uyo azoba ahumanye.
Kandi ni hagira umugabo cank’ umugore agira ibibibi ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ivyo bibibi bikēra;