35 Arikw amaze guheza kwitwa uweze, ico giturika kikunguruza inyuma ku rukoba,
Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.
Ku musi ugira indwi, uwo muherezi amusuzume; maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe.
Arikw amaze guheza kwiyereka umuherezi, akezwa, ico gisekera kikunguruza inyuma ku rukoba, aze yongere kwiyereka umuherezi.
umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; ni yabona isa n’iyinjiye musi y’ urukoba, umushatsi waho ugacēkūka, ukaba intaragande; avuge kw ahumanye: kizoba ar’ igiturika c’imibembe ifatiye mu mutwe canke mu bganwa.
Ku musi ugira indwi uwo muherezi asuzume ico giturika: maze ni yasanga kitunguruje inyuma ku rukoba, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, uwo muherezi avuge kw adahumanye: uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe.
umuherezi aheze amusuzume; maze ni yasanga ico giturika cunguruje inyuma ku rukoba, ntiyirirwe aserangura umushatsi k’ucēkūtse: uyo azoba ahumanye.