Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ku musi ugira indwi, uwo muherezi amusuzume; maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:27
6 Referans Kwoze  

at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.


Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi butera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi amwugarane kumara imisi ndwi.


Arikw ico kibibi ni kitayegayega ngo cunguruze inyuma ku rukoba, kandi kikaba kiriko kirazimangana, hazoba haje igishundu kiziye muri bga bushe: uwo muherezi avuge ko yeze; izoba ar’ inkovu y’ubgo bushe.


Arikw amaze guheza kwiyereka umuherezi, akezwa, ico gisekera kikunguruza inyuma ku rukoba, aze yongere kwiyereka umuherezi.


Arikw amaze guheza kwitwa uweze, ico giturika kikunguruza inyuma ku rukoba,


Ku musi ugira indwi, uwo muherezi agaruke, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku bisika vy’iyo nzu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite