Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Arikw ico kibibi ni kitayegayega ngo cunguruze, kizoba ar’ inkovu ya ca gihute; umuherezi az’ avuge ko yeze.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:23
13 Referans Kwoze  

Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.


none ni co gituma mukwiye cane‐cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse.


Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.


Yuda yemera kw ar’ ivyiwe, at’ Arantsinze, kuko ntamuhaye Shela umwana wanje. Nuko Yuda ntiyongera kumwegera ukundi.


Maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.


Cank’ umuntu ni yagira ubushe ku mubiri wiwe, inyuma ku rukoba, inkovu yabgo igahinduka ikibibi, hagatukura canke hakabenjuka;


Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi butera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi amwugarane kumara imisi ndwi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite