Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 uwo muherezi amusuzume: maze ni yabona iyo mibembe imukwiye umubiri wose, az’ avuge yuk’ uyo yafashwe n’iyo ndwara adahumanye: umubiri wiwe ko wahindutse ukēra hose, ntahumanye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 13:13
6 Referans Kwoze  

Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose;


Ariko ni yaramuka agize ahamyotse, hakaba inyama zijega, azoba ahumanye.


Ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda; Miriyamu aca asēsakw imibembe, yera nka shelegi; Aroni amukubisekw amaso, asanga yashēshekw imibembe.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite