12 Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose;
Kuko tuzi yukw ivyagezwe ar’ ivy’ impwemu; ariko jewe nganzwa n’akameremere kanje, naguriwe kuba umugurano w’icaha.
Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.
Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.
ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.
hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’ abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro;
izoba ar’ imibembe yamaze igihe kirekire mu rukoba rw’umubiri wiwe: uwo muherezi avuge kw ahumanye, ntarinde kumwugarana, kukw ahumanye.
uwo muherezi amusuzume: maze ni yabona iyo mibembe imukwiye umubiri wose, az’ avuge yuk’ uyo yafashwe n’iyo ndwara adahumanye: umubiri wiwe ko wahindutse ukēra hose, ntahumanye.