10 uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta;
None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.
Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.
Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.
Ūkunda gutozwa indero nziza aba akunda ubgenge, Arik’ uwanka guhanwa aba ar’ ikiyingiyingi.
Cank’ umuntu ni yagira ubushe ku mubiri wiwe, inyuma ku rukoba, inkovu yabgo igahinduka ikibibi, hagatukura canke hakabenjuka;
Umuntu ni yafatwa n’indwara y’imibembe, az’ azanirwe umuherezi;
izoba ar’ imibembe yamaze igihe kirekire mu rukoba rw’umubiri wiwe: uwo muherezi avuge kw ahumanye, ntarinde kumwugarana, kukw ahumanye.