Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 12:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 12:8
14 Referans Kwoze  

Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


bo n’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, ivy’ azoshobora kuronka; kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa azompa ni caba ar’ inyoni, az’ atange intunguru cank’ ivyana vy’ inuma.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro;


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


na we aheze abitangire aho nyene imbere yanje jewe Uhoraho, amuhongere; uwo mugore ni ho azoba ahumanuwe isōko y’amaraso yiwe. Ico ni co cagezwe c’umugore avyaye, namba yoba avyaye umuhungu cank’ umukobga.


Uhoraho abarira Mose na Aroni,


Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo;


Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite