8 Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko: n’ibihumanya kuri mwebge.
kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.
Nuko ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’ imisi mikuru canke mu vy’ ukwezi kubonetse canke mu vy’ isabato:
Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.
Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.
Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha.
kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,
Nuko ntimugafatanye na bo;
Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,
Arikw ivyo kurya si vyo bidushikiriza Imana: iyo tutabiriye, nta co duhōmba; cank’ iyo tubiriye, nta co duhōmbōka.
Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.
mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.
arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.
Na we arababaza, ati Mbega namwe mur’ imburabgenge murtyo? Ntimutahura yukw ata kintu kir’ inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya,
nta kintu kir’ inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, arikw ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya. [
Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye.
Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.
Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.
N’ ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ikagira inzāra kubiri, ariko ntiyūza, na yo n’igihumanya kuri mwebge.
Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu biba mu mazi vyose: ibiba mu mazi, mu biyaga no mu nzūzi, bifise amababa n’ibigaragamba, ivyo ni vyo mwemererwa kurya.