Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 N’ ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ikagira inzāra kubiri, ariko ntiyūza, na yo n’igihumanya kuri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 11:7
11 Referans Kwoze  

Abiyeza bakiyuhagira kugira ngo baje mu bigabiro barōngōye, abarya inyama z’ ingurube n’iz’ ivyikwega hasi n’ imbeba, abo bose bazoshirira icarimwe, ni k’Uhoraho agize.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


bakicara hagati y’imva, bakarāra mu bitabo ahihishije; bakarya inyama z’ingurube, kandi mu nzavya zabo hakabamw’ umufa w’inyama z’ibizira;


N’ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ariko ntiyūza: na yo n’igihumanya kuri mwebge. Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko.


Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.


Abadayimoni basokoroka mur’ uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, amazi araziniga.


Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.


igifise inzāra cose ziri n’umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda.


N’urukwavu, kuko naho rwūza ariko ntirugira inzāra ziri n’umwanya hagati, na rwo n’igihumanya kuri mwebge.


Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko: n’ibihumanya kuri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite