47 vyo gutandukanya igihumanya n’ikidahumanya, n’icoribga mu bigenda n’ikitoribga.
kugira ngo mubone uko mutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, n’ibihumanya n’ ibidahumanya,
Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.
Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.
Ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku bikōko no ku bitunzwe, no ku bisīga, no ku bifise ubugingo vyose bigendera mu mazi, no ku turiho twose tunyonyera hasi;
Uhoraho abarira Mose,
Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.
Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.
Mu bitungano vyose bitazira no mu bikōko vyose bitazira, utwaremw’ ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwi‐ndwi vyavyo; mu bikōko bizira na ho, utwaremwo bibiri‐bibiri, ikigabo n’ikigore caco;