Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 11:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 11:45
22 Referans Kwoze  

Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera.


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbahe igihugu c’i Kanani, mbe Imana yanyu.


Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku bikōko no ku bitunzwe, no ku bisīga, no ku bifise ubugingo vyose bigendera mu mazi, no ku turiho twose tunyonyera hasi;


ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.


nabakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Ariko kubgabo nzokwibuka isezerano nasezeraniye ba sekuruza, abo nakūye mu gihugu ca Egiputa amahanga arorēra, kugira ngo mbe Imana yabo: ni jewe Uhoraho.


ariko ngo mwibuke ivyagezwe vyanje vyose muvyitondere, mumbere abēra, jewe Imana yanyu.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.


Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite