Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 11:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Igikwega inda hasi cose, n’akagendesha amaguru ane kose, n’akagendesha ubuguru bginshi, mber’ utunyonyera twose tunyonyera hasi, ntimuze mwigere muturya, kukw ar’ ibizira.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 11:42
12 Referans Kwoze  

Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.


Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi, bahinda agashitsi; bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubgoba.


Ibingira n’umwagazi w’intama bizorīshanya; intambge izorīsha ubgatsi nk’inka; kand’ umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’ uva ukagera, ni k’Uhoraho agize.


Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru.


Kand’ ikinyonyera cose kinyonyera hasi n’ikizira: ntikize cigere kiribga.


Ntimuze mwiyandurishe ak’ ari ko kose ko mu tunyonyera, ntimuze muvyihumanishe ngo bibanduze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite