Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 11:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 11:39
18 Referans Kwoze  

Kand’ umuntu azoba ari ku gahinga, agakora ku kiziga c’ umuntu yishwe n’inkota, canke ku kindi kiziga cose, canke kw igufa ry’umuntu, canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi ndwi.


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:


Ūzokora ku mubiri w’umunyagisokoro, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;


Ariko namb’ izo mbuto zīnitswe mu mazi, icavuye ku muvyimba wavyo kikazigwamwo, zizoba igihumanya kuri mwebge.


Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;


Icipfiriye cank’ ikirangara, ntaz’ agire ico arya muri vyo ngw acihumanishe: nd’ Uhoraho.


Ikindi, ūzokwinjira mur’ iyo nzu igihe icugawe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.


ūzokora ku bimeze birtyo azoba ahumanye arinde ashitsa ku mugoroba; ntaz’ arye kur’ ivyo vyejejwe, shit’ abanje kwiyuhagira.


Uwo muherezi aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone gusubira aho mushagaje, akomeze abe ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite